Ingene wovyifatamwo igihe wumva urengewe n’iki kiza
Woba wumva urengewe kubera iki kiza ca korona? Nimba ari ko biri, nturi wenyene. Hirya no hino kw’isi, abantu baramaze amezi bahinduye ukuntu babayeho kubera iki kiza ca korona. Umuganga yitwa Hans Kluge aserukira Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) mu karere ka Buraya, avuga ati: “Abantu benshi baremeye kugira ivyo bahevye kugira bafashe ngo ikiza ca korona ntikigume gikwiragira. Mu bihe nk’ivyo biroroshe ko abantu bumva babuze ico bafata n’ico bareka, bakumva bacitse intege kubera ko baba barengewe.”
Nimba wumva warengewe kubera iki kiza, nureme. Bibiliya iriko irafasha abatari bake kuvyifatamwo neza muri ibi bihe bitesha umutwe. Na wewe yogufasha.
Ni ibiki bishika igihe umuntu yumva yarengewe n’iki kiza?
Iyo ikiza gitumye umuntu abwirizwa guhindura ukuntu abayeho kandi ntabone ico kazoza kamubikiye, bituma yumva arengewe. Ibimenyetso vyerekana ko umuntu yarengewe usanga bitandukanye bivanye n’umuntu. Ariko ivyo benshi bahurizako ni ibi:
Kwumva ata kintu na kimwe ushaka gukora
Amahinduka mu vyo gufungura no kuryama
Gushavura ningoga
Ibintu wahora ukora neza bigasigara bigutera amaganya
Kunanirwa kwitunira ku kintu
Kwihebura
Kubera iki umuntu atobifata minenerwe?
Igihe umuntu arengewe n’ikiza birashobora kumutera ingorane, yaba we canke abandi. Tutabaye maso turashobora gusanga tutagikurikiza amabwirizwa yo kwikingira korona. Uko haca igihe twoshobora gutangura kubona ko korona idateye akaga n’aho ikibandanya gukwiragira no guhitana ubuzima bw’abantu. Kuba hari ivyo tubujijwe birashobora kuturambira, tukumva dushaka kwidegemvya, ivyo na vyo bikaba bishobora gushira ubuzima bwacu n’ubw’abandi mu kaga.
Muri ibi bihe bitesha umutwe, abantu benshi bariko baribonera ko aya majambo avugwa muri Bibiliya ari ay’ukuri: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” (Imigani 24:10) Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zishobora kudufasha kwihanganira ibintu bica intege, harimwo n’iki kiza.
Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zogufasha?
Niwirinde kwegerana n’abandi ariko ntuce wigungire ukwa wenyene
Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri . . . yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.
Igituma bihambaye: Abagenzi nyakuri bararemeshanya. (1 Abatesalonika 5:11) Mugabo kumara igihe wigunze birashobora kubangamira amagara yawe.—Imigani 18:1.
Nugerageze iki kintu: Nugume uyaga n’abagenzi bawe biciye ku buhinga bwa videoconférence, telefone, n’amamesaje. Igihe utiriwe neza niwiture abagenzi kandi nawe wame ubabaza uko bamerewe. Nimuze murabwirana ibiriko birabafasha kwihanganira iki kiza. Nurondere uturyo two kugirira iciza umugenzi wawe. Ivyo bizotuma mwempi mwumva mumerewe neza.
Nukoreshe neza umwanya ufise ubu
Ico Bibiliya ivuga: ‘Niwicungurire umwanya ubereye.’—Abanyefeso 5:16.
Igituma bihambaye: Gukoresha neza umwanya wawe biragufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kutarengerwa n’amaganya.—Luka 12:25.
Nugerageze iki kintu: Aho kugumiza umutima ku vyo utagishoboye gukora, niwiyumvire ibindi bintu vyiza wokora. Nk’akarorero, hoba hari ibikorwa ubu ufitiye umwanya canke ibintu vyo kwinezereza ubu ushobora gukora? Woba ushobora kwongereza umwanya umarana n’umuryango wawe?
Niwumire ku rutonde rwawe
Ico Bibiliya ivuga: “Vyose bibe . . . ku rutonde.”—1 Abakorinto 14:40.
Igituma bihambaye: Abantu benshi barumva batekanye kandi bahimbawe igihe bafise urutonde bama bisunga.
Nugerageze iki kintu: Nugire urutonde ruhuye n’uko ivyawe bisigaye vyifashe. Nutegekanye umwanya wo gukora udukorwa two kw’ishure, akazi, udukorwa two muhira n’uwo kwitwararika ivy’Imana. Nushiremwo ibindi bintu vyokugirira akamaro, nko kumarana umwanya n’umuryango, kuja gutembera no kwinonora imitsi. Nuze urasuzuma urutonde rwawe kandi igihe bikenewe uruhindure.
Nuhuze n’uko ikirere cifashe
Ico Bibiliya ivuga: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”—Imigani 22:3.
Igituma bihambaye: Bivanye n’aho uba, ikirere kirashobora guhinduka ku buryo bitaba bigishoboka ko usohoka gusama akayaga no kwota akazuba, ivyo na vyo bikaba vyari gutuma ugira amagara meza kandi ukiyumva neza.
Nugerageze iki kintu: Nimba urushana rwegereje, nuhindure ibintu mu nzu canke aho ukorera kugira agaco k’izuba kinjire. Nutegekanye udukorwa wokorera hanze naho hoba hakanye. Nimba bishoboka nurondere impuzu z’imbeho zishobora kuzogufasha kumara umwanya uri hanze.
Nimba ici ryegereje abantu benshi bazotembera cane. Uraba maso rero. Niwiyumvire ahantu wotemberera kandi ujeyo mu gihe ata bantu benshi bahari.
Nubandanye gukurikiza amabwirizwa yo kwikingira korona
Ico Bibiliya ivuga: “Ikijuju kiraraka kandi kikiyizigira.”—Imigani 14:16.
Igituma bihambaye: Korona irica, kandi tutagumye twiyubara turashobora kuyandura.
Nugerageze iki kintu: Nugume wiyibutsa amategeko yo kwikingira yashinzwe ng’aho iwanyu, hanyuma urabe nimba koko ukiyakurikiza. Niwame wibuka ko ivyo ukora bishobora kugira ingaruka kuri wewe, ku muryango wawe no ku bandi.
Nukomeze ubucuti ufitaniye n’Imana
Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.
Igituma bihambaye: Imana irashobora kugufasha kwihanganira ingorane zose zogushikira.—Yesaya 41:13.
Nugerageze iki kintu: Nusome Ijambo ry’Imana Bibiliya buri musi. Uru rutonde rwo gusoma Bibiliya rurashobora kugufasha gutangura kubigira.
Ubona gute urondeye Ivyabona vya Yehova ukababaza ukuntu babandanya kugira amakoraniro mu kiringo c’iki kiza? Nk’akarorero, kw’isi yose barakoresha ubuhinga bwa videoconférence mu kugira amakoraniro, mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu no mu kugira ibikorane biba buri mwaka.
Imirongo yo muri Bibiliya yogufasha
Yesaya 30:15: “Inkomezi zanyu zizobonekera mu kuguma mutekanye no mu kwizigira.”
Ico bisobanura: Kwizigira impanuro Imana itanga birashobora kudufasha kuguma dutekanye mu bihe bigoye.
Imigani 15:15: “Imisi yose y’umurushwa ni mibi; mugabo uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”
Ico bisobanura: Kugumiza umutima ku bintu vyiza birashobora kudufasha kugumana umunezero mbere no mu bihe bigoye.
Imigani 14:15: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.”
Ico bisobanura: Nukurikize amabwirizwa yo kwikingira kandi wirinde kwiyumvira ko adakenewe.
Yesaya 33:24: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”
Ico bisobanura: Imana isezerana gukuraho indwara zose.