NUGUME URI MASO!
Ni nde wokwizigira? Bibiliya ibivugako iki?
Abantu baracika intege igihe abantu bizigira babahemukiye. Abantu ntibacizigira . . .
abanyepolitike bashira imbere ineza yabo aho gushira imbere ineza y’abo batwara.
ibimenyeshamakuru bidatanga amakuru y’ukuri canke bigira aho bihengamiye.
abahinga mu vya siyansi bakora ibintu bitagirira akamaro abantu.
abakuru b’amadini bashigikira ivya politike aho guserukira Imana.
Rero birumvikana kuba abantu badapfa kwizigira umuntu uwo ari we wese. Na Bibiliya itugabisha iti:
«Ntukishimire abatware, ntukishimire mwene Adamu, kuko ata rukiza ruri muri we.»—Zaburi 146:3, Bibiliya Nyeranda.
Uwo ukwiye kwizigira
Bibiliya iravuga uwo ukwiye kwizigira na we akaba ari Yezu Kristu. Uretse ko yari umuntu mwiza kandi hakaba haciye imyaka myinshi abayeho, ni na we Imana yagenye ngo ‘aganze kandi Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.’ (Luka 1:32, 33) Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami ni intwaro ubu iriko iraganza mw’ijuru.—Matayo 6:10.
Kugira ubone igituma ushobora kwizigira Yezu, soma ikiganiro kivuga ngo «Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?» hamwe n’ikivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?»