NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene ibiciro biguma biduga kw’isi yose?
Muri raporo yo muri Ruheshi 2022, umukuru w’ibanki nkuru y’isi yose yavuze ati: “Ubutunzi bw’isi buri mu kaga. Ibiciro biriko biduga ku rugero ruteye ubwoba kandi abantu nta mahera akwiye bakironka.”
Ikigega mpuzamakungu cavuze giti: “Ibiciro vy’igitoro n’ibifungurwa vyaraduze cane kandi ivyo biragira ingaruka zikomeye ku banyagihugu bari mu bihugu bikenye.”
Bibiliya iradufasha gutahura igituma turiko turashikirwa n’izo ngorane z’ivy’ubutunzi, ingene dushobora kuvyifatamwo kandi ikatwereka ingene izo ngorane zizotorerwa umuti.
Ukuduga kw’ibiciro mu “misi ya nyuma”
Bibiliya ivuga ko igihe tubayemwo ari “imisi ya nyuma.”—2 Timoteyo 3:1.
Yezu yavuze ko hari “ibintu biteye ubwoba” vyoranze iki kiringo tubayemwo. (Luka 21:11) Ukuntu ibiciro biriko biraduga cane biraraje ishinga abantu benshi. Abantu barahagaritswe umutima cane n’ingene ibintu bizoba vyifashe muri kazoza, bakibaza nimba bazoshobora kuronsa imiryango yabo ivyo ikenera.
Igitabu c’Ivyahishuwe cari caravuze ko muri iki kiringo tubayemwo ibiciro vy’ibifungurwa vyoduze. “Maze numva ijwi . . . rivuga riti: ‘Igemeri y’ingano kw’idenariyo (yangana n’umushahara umukozi yaronka ku musi w’amasaha 12), n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo.’”—Ivyahishuwe 6:6.
Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’“imisi ya nyuma” hamwe n’ubuhanuzi bwo mu gitabu c’Ivyahishuwe, raba ividewo ivuga ngo Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914 be n’ikiganiro kivuga ngo “Abagendera kuri za farasi zine ni bande?”
Umuti w’ingorane zose z’ivy’ubutunzi
“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.”—Yesaya 65:21, 22.
“Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 72:16.
“‘Kubera ukunyagwa kw’abarushwa, kubera ukuniha kw’aboro, ubu ho ngira mpaguruke,’ ni ko Yehova avuga.”—Zaburi 12:5. a
Imana igiye gukuraho ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi, atari mu gihugu kimwe gusa, ahubwo kw’isi yose. Kugira ubone ingene izobigenza, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi bwoba buzokwigera buvaho?”
Ariko no muri iki gihe, Bibiliya irashobora kugufasha kumenya uko wovyifatamwo igihe ibiciro biduze. None yogufasha gute? Irimwo impanuro ngirakamaro zogufasha gukoresha neza amahera. (Imigani 23:4, 5; Umusiguzi 7:12) Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo “Nukingire akazi ukora” n’ikivuga ngo “Ingene wobeshwaho na bike.”
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.