Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibubamfu: Igihuhusi cataziriwe Ian, muri Florida muri Amerika, Nyakanga 2022 (Sean Rayford/Getty Images); hagati: Inabibondo ariko arahunga n’umuhungu wiwe, i Donetsk muri Ukraine, Mukakaro 2022 (Alex Chan Tsz Yuk/SOPA Images/LightRocket via Getty Images); iburyo: Kwipimisha Korona ku bwinshi i Beijing, mu Bushinwa, Ndamukiza 2022 (Kevin Frayer/Getty Images)

NUGUME URI MASO!

Umwaka wa 2022 waranzwe n’ingorane zitesha umutwe​—Bibiliya ibivugako iki?

Umwaka wa 2022 waranzwe n’ingorane zitesha umutwe​—Bibiliya ibivugako iki?

 Mu mwaka wa 2022, intambara, ingorane z’ivy’ubutunzi hamwe n’ibiza n’isibe ni vyo vyavugwa cane mu makuru. Bibiliya yonyene ni yo isigura neza igituma ibintu nk’ivyo biriko birashika.

Ico ivyabaye mu 2022 bihishura

 Ivyabaye mu mwaka uheze biratanga ibindi bimenyamenya vyerekana ko tubayeho mu kiringo Bibiliya yita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1) Ico kiringo catanguye mu 1914. Raba ingene ibiherutse kuba bihuye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye muri iki gihe cacu:

 “Intambara.”​—Matayo 24:6.

  •   “Umwaka wa 2022 wabaye umwaka aho Uburaya bwasubira gushikirwa n’ingaruka zibabaje ziterwa n’intambara.” a

 Raba ikiganiro kivuga ngo “Uburusiya bwarateye Ukraine.”

 “Amapfa.”​—Matayo 24:7.

  •   “2022 ni Umwaka w’amapfa atari bwigere abaho.” b

 Raba ikiganiro kivuga ngo “Intambara yo muri Ukraine yateje amapfa kw’isi.”

 “Ibiza.”​—Luka 21:11.

  •   “Indwara y’ubukangwe yarasubiye kwigaragaza, indwara y’ibihara vy’inkende yarabaye akayoberabahinga, mu gihe ikiza ca Korona na co kikibandanya kwiha inkumbi. Ivyo vyarerekanye ko indwara zandukira ziteye akaga be n’uko abantu bageramiwe.” c

 Raba ikiganiro kivuga ngo “Abantu imiliyoni 6 barapfuye kubera Korona.”

 “Ibintu biteye ubwoba.”​—Luka 21:11.

  •   “Imiyaga ishushe, uruzuba, imiriro ya Nyakanga hamwe n’imyuzurira. Nta gukeka ko abantu bazokwama bibuka ici ryo mu 2022, iryatumye haba ubushuhe bwinshi bwononye ibintu, butuma abantu ibihumbi bapfa, abandi amamiliyoni hirya no hino kw’isi na bo barata izabo.” d

 “Imivurungano.”​—Luka 21:9.

  •   “Kubera ko abanyagihugu bashavujwe cane n’ibibazo bijanye n’ivy’ubutunzi, na canecane ibijanye n’iduga ry’ibiciro, harabaye imigumuko ikaze mu 2022.” e

Twokwitega iki mu mwaka uza?

 Nta n’umwe azi neza ibizoba mu 2023. Ico tuzi coco ni uko vuba Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru, bugiye guhindura ibintu vyinshi kw’isi. (Daniyeli 2:44) Iyo ntwaro izokuraho igituma abantu bashikirwa n’imibabaro yongere yiyemeze ko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi.​—Matayo 6:9, 10.

 Tuguhimirije gukurikiza impanuro ya Yezu Kristu mu‘kuguma uri maso’ ku kuntu ibibera mw’isi biriko birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. (Mariko 13:37) Nuturondere kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ingene Bibiliya ishobora kugufasha ubu hamwe n’ingene ishobora gutuma wewe n’umuryango wawe mugira icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza keza.

a Amakuru yavuzwe na AP News: “Umwaka wa 2022 wabaye umwaka aho Uburaya bwasubira gushikirwa n’ingaruka zibabaje ziterwa n’intambara,” nk’uko vyavuzwe na Jill Lawless, ku wa 8 Kigarama 2022.

b Ishirahamwe mpuzamakungu PAM: “Ubukene bw’ibifungurwa kw’isi yose.”

c Inama ijanye n’ivy’amagara y’abantu JAMA: “Kubaho mu kiringo c’ibiza: Kuva kuri Korona ukaja ku bihara vy’inkende, ubukangwe n’izindi ndwara zitazwi zoshobora kwaduka.” Vyanditswe na Lawrence O. Gostin, JD, ku wa 22 Nyakanga 2022.

d Earth.Org: “Ni igiki catumye haba ubushuhe bwinshi mu kiringo c’ici ryo mu 2022?” Vyanditswe na Martina Igini, ku wa 24 Gitugutu 2022.

e Ishirahamwe Fondation Carnegie pour la paix internationale: “Imigumuko yabaye hirya no hino kw’isi mu 2022 ahanini yaterwa n’agashavu k’abanyagihugu kubera ingorane z’ivy’ubutunzi,” nk’uko vyanditswe na Thomas Carothers na Benjamin Feldman, ku wa 8 Kigarama 2022.