Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AspctStyle/stock.adobe.com

ISEKEZA RYO GUTANGA UBUTUMIRE BW’ICIBUTSO

Yezu azokuraho intambara

Yezu azokuraho intambara

 Yezu akiri kw’isi, yaragaragarije abantu urukundo rudasanzwe, mbere gushika n’aho atanga ubuzima bwiwe ku bwabo. (Matayo 20:28; Yohani 15:13) Vuba, azogaragariza abantu kandi urukundo rwiwe, niyakoresha ububasha bwiwe ari Umwami w’Ubwami bw’Imana mu «[gu]hagarika intambara kw’isi yose.»​—Zaburi 46:9.

 Nurabe ukuntu Bibiliya idondora ivyo Yezu azokora:

  •   «Kuko azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.»​—Zaburi 72:12-14.

 Twokwerekana gute none ko dukenguruka ibintu vyose Yezu yakoze hamwe n’ivyo yimirije gukora? Muri Luka 22:19, Yezu yabwiye abigishwa biwe kwibuka urupfu rwiwe. Ni co gituma buri mwaka, ku musi wo kwibuka urupfu rwa Yezu, Ivyabona vya Yehova bahurira hamwe. Turagutumiye kuzokwifatanya natwe guhimbaza icibutso c’urupfu rwa Yezu ku wa mungu, itariki 24 Ntwarante 2024.

Raba Icibutso