Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

BE MASO!

Ikibazo: Abantu bamwe ntibemera ko Yezu yabayeho, abandi bakavyemera badakeka. Abandi na bo ngo nta cobitwemeza neza. Wewe uvyiyumvirako iki?

Ivyo wovuga: Iyi Be maso! iradufasha kubona ico ibimenyamenya vyerekana.

NIWIGISHE UKURI

Ikibazo: Bigenda gute iyo dupfuye?

Icanditswe: Yoh 11:11-14

Iciyumviro: Iyo umuntu apfuye, biba biheze. Ni co gituma tudatinya ubuzima bw’inyuma y’urupfu. Yezu yagereranije urupfu n’itiro. Nka kurya nyene yazuye Lazaro, azozura abacu bapfuye kugira basubire kubaho kw’isi banezerewe.Yb 14:14.

UBUTUMIRE BW’AMAKORANIRO Y’ISHENGERO (inv)

Ivyo wovuga: Nagomba kugutumira ku nyigisho ishingiye kuri Bibiliya izotangwa aho dusengera, ku Ngoro y’Ubwami y’aha iwacu. [Muhe ubutumire bw’amakoraniro uce umwereka umwanya n’ikibanza mugirirako ikoraniro ry’insiguro n’Umunara, umubwire n’umutwe w’insiguro izoshikirizwa.]

Ikibazo: Woba umaze gushika ku Ngoro y’Ubwami? [Nimba ubona bibereye, mwereke akavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga.]

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.