3-9 Gitugutu
IMIGANI 1-6
Ururirimbo rwa 37 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”: (Imin. 10)
[Niwerekane ividewo ivuga Incamake y’igitabu c’Imigani.]
Img 3:1-4
—Nugaragaze ubuntu bwuzuye urukundo n’ubwizigirwa (w00 15/1 23-24) Img 3:5-8
—Nutsimbataze ukwizigira Yehova n’umutima wawe wose (w00 15/1 24)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Img 1:7
—Ni mu buryo ubuhe gutinya Yehova ari “yo ntango y’ubumenyi”? (w06 15/9 17 ing. 1; it-1 511) Img 6:1-5
—Dusanze twarihenze mu kwishinga umuntu mu masezerano y’ivy’urudandaza, ni igiki dukwiye gukora? (w00 15/9 25-26) Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Img 6:20-35
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Guhana ijambo. Kuri buri buryo bwo gutanguza ibiyago, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Nuremeshe abamamaji kugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo gutumira abantu kw’ikoraniro ry’insiguro n’Umunara.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 8) Murashobora kuganira ku vyigwa dukura mu Gitabu c’umwaka. (yb16 25-27)
Nugirire iciza abitaba amakoraniro (Img 3:27): (Imin. 7) Guhana ijambo. Niwerekane akavidewo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. Ca ubaza abumviriza ico twoterera kugira ku Ngoro y’Ubwami hagume harangwa urukundo, atari muri Gitugutu gusa ariko igihe cose.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 2 ing. 1-12
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 143 n’isengesho