Abavukanyi bo muri Malawi bariko baragaragarizanya urukundo

AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Gitugutu 2018

Ingene twotanguza ibiyago

Ibiyago bivuga igituma abantu bashikirwa n’imibabaro be n’ico Imana izokora.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yezu aritwararika intama ziwe

Wa Mwungere w’agahebuza Yezu arazi neza intama ziwe: Arazi ivyo imwimwe yose ikenera, aho ikomeye be n’aho ifise intege nke.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Niwigane impuhwe za Yezu

Kubera iki impuhwe za Yezu n’ikibabarwe ciwe vyari ibidasanzwe?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Ndabahaye icitegererezo”

Yezu yarigishije intumwa ziwe kwicisha bugufi no gukorera abandi ibikorwa biciye bugufi.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu

Kugira ngo tugaragaze urukundo nk’urwa Kristu, dutegerezwa kwitwararika ineza y’abandi kandi tukirinda kuba abantu bakaza ishavu.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Ntimuri ab’isi’

Abayoboke ba Yezu barakeneye umutima rugabo kugira bagume batandujwe n’inyifato be n’ibikorwa vy’abantu babakikuje.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Muzigame ubumwe kuko ari ubw’agaciro

Kugira tugume twunze ubumwe, dutegerezwa kurondera iciza mu bandi no kubabarira ata gahigihigi.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yezu yarashingiye intahe ukuri

Kubera ko turi abigishwa ba Yezu, na twebwe nyene turashingira intahe ukuri mu mvugo no mu ngiro.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Munezeranwe n’ukuri

Dutegerezwa gushingira intahe ukuri no kunezeranwa n’ukuri naho tuba mw’isi yuzuye ibinyoma be n’ukutagororoka.