AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Gitugutu 2018
Ingene twotanguza ibiyago
Ibiyago bivuga igituma abantu bashikirwa n’imibabaro be n’ico Imana izokora.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yezu aritwararika intama ziwe
Wa Mwungere w’agahebuza Yezu arazi neza intama ziwe: Arazi ivyo imwimwe yose ikenera, aho ikomeye be n’aho ifise intege nke.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Niwigane impuhwe za Yezu
Kubera iki impuhwe za Yezu n’ikibabarwe ciwe vyari ibidasanzwe?
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Ndabahaye icitegererezo”
Yezu yarigishije intumwa ziwe kwicisha bugufi no gukorera abandi ibikorwa biciye bugufi.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu
Kugira ngo tugaragaze urukundo nk’urwa Kristu, dutegerezwa kwitwararika ineza y’abandi kandi tukirinda kuba abantu bakaza ishavu.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
‘Ntimuri ab’isi’
Abayoboke ba Yezu barakeneye umutima rugabo kugira bagume batandujwe n’inyifato be n’ibikorwa vy’abantu babakikuje.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Muzigame ubumwe kuko ari ubw’agaciro
Kugira tugume twunze ubumwe, dutegerezwa kurondera iciza mu bandi no kubabarira ata gahigihigi.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Yezu yarashingiye intahe ukuri
Kubera ko turi abigishwa ba Yezu, na twebwe nyene turashingira intahe ukuri mu mvugo no mu ngiro.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Munezeranwe n’ukuri
Dutegerezwa gushingira intahe ukuri no kunezeranwa n’ukuri naho tuba mw’isi yuzuye ibinyoma be n’ukutagororoka.