UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu
IGITUMA BIHAMBAYE: Yezu yavuze ko abigishwa biwe boranzwe n’urukundo. (Yoh 13:34, 35) Kugira ngo tugaragaze urukundo nk’urwa Kristu, dutegerezwa kwitwararika ineza y’abandi kandi tukirinda kuba abantu bakaza ishavu.—1Kr 13:5.
UKO TWOBIGIRA:
-
Bishitse hakagira uwuvuga canke agakora ikintu kikubabaza, fata akanya uzirikane icoba cabitumye be n’ingaruka zova ku vyo uriko uriyumvira gukora.—Img 19:11
-
Niwibuke ko twese turi abanyagasembwa be n’uko bishika tukavuga canke tugakora ibintu bituma twicuza
-
Nutunganye ingorane udatebaganye
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ‘NIMUGIRIRANIRE URUKUNDO HAGATI YANYU’: NIWIRINDE UBWIKUNZI N’UGUKAZA ISHAVU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Lazaro yakiriye gute iciyumviro ca Toma?
-
Gufata akanya ko kuzirikana vyafashije gute Toma kudatwarwa n’ishavu?
-
Inyishu Toma yatanze yiyoroheje, yasutsemwo mabisi gute?