Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu

Urukundo ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri: Niwirinde ubwikunzi n’ugukaza ishavu

IGITUMA BIHAMBAYE: Yezu yavuze ko abigishwa biwe boranzwe n’urukundo. (Yoh 13:34, 35) Kugira ngo tugaragaze urukundo nk’urwa Kristu, dutegerezwa kwitwararika ineza y’abandi kandi tukirinda kuba abantu bakaza ishavu.​—1Kr 13:5.

UKO TWOBIGIRA:

  • Bishitse hakagira uwuvuga canke agakora ikintu kikubabaza, fata akanya uzirikane icoba cabitumye be n’ingaruka zova ku vyo uriko uriyumvira gukora.​—Img 19:11

  • Niwibuke ko twese turi abanyagasembwa be n’uko bishika tukavuga canke tugakora ibintu bituma twicuza

  • Nutunganye ingorane udatebaganye

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIMUGIRIRANIRE URUKUNDO HAGATI YANYU’: NIWIRINDE UBWIKUNZI N’UGUKAZA ISHAVU, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Lazaro yakiriye gute iciyumviro ca Toma?

  • Gufata akanya ko kuzirikana vyafashije gute Toma kudatwarwa n’ishavu?

  • Inyishu Toma yatanze yiyoroheje, yasutsemwo mabisi gute?

Iyo hagize uwudusomborotsa ariko tukigumya, ishengero rihungukira gute?