8-14 Gitugutu
YOHANI 11-12
Ururirimbo rwa 16 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Niwigane impuhwe za Yezu”: (Imin. 10)
Yoh 11:23-26—Yezu yarahumurije Marita (nwtsty amakuru adufasha kwiga Yoh 11:24, 25)
Yoh 11:33-35—Yezu yaragize intuntu nyinshi igihe yabona Mariya n’abandi bariko bararira (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Yoh 11:43, 44—Yezu yaragize ico afashije abo bantu
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yoh 11:49—Ni nde yagenye Kayifa ngo abe umuherezi mukuru, kandi iryo banga yarimazemwo igihe kingana gute? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Yoh 12:42—Kubera iki hari Abayuda batinye kwemera icese ko Yezu yari we Kristu? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yoh 12:35-50
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago.
Akavidewo ka usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.
Insiguro: (Imin. 6 canke idashika) w13 15/9 32—Umutwe: Kubera iki Yezu yakoroye amosozi imbere y’uko azura Lazaro?
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Yezu ni “izuka n’ubuzima” (Yoh 11:25): (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana agace k’ividewo ivuga ngo ‘Nta gukeka ko Imana yamugize Umukama na Kristu’—Igice ca 2. Nuce ubaza abumviriza ibi bibazo: Iyi nkuru itwigisha iki ku bijanye n’impuhwe za Yezu? Ni mu buryo ki Yezu ari “izuka n’ubuzima”? Ni ibitangaro ibihe Yezu azokora muri kazoza?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 38
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 147 n’isengesho