UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Bakiri bato, Yehova yoba ari umugenzi abarutira abandi bose?
Ni kamere izihe ushima ku mugenzi? Ushobora kuba uha agaciro ukudahemuka, ukumera neza n’ugutanga. Izo kamere zose Yehova arazifise. (Kv 34:6; Ivk 14:17) Arakwumviriza igihe umusenga. Aragufasha igihe cose ubikeneye. (Zb 18:19, 35) Arakubabarira igihe wamucumuyeko. (1Yh 1:9) Ese ukuntu Yehova ari umugenzi mwiza igitangaza!
Ushobora kuba umugenzi wa Yehova gute? Niwige ibimwerekeye mu gusoma Ijambo ryiwe. Numuserurire akari ku mutima. (Zb 62:8; 142:2) Niwerekane ko uha agaciro ivyo Yehova abona ko bihambaye aho twovuga nk’Umwana wiwe, Ubwami bwiwe be n’ivyo adusezeranira muri kazoza. Nubwire abandi ibimwerekeye. (Gus 32:3) Niwatsimbataza ubucuti somambike na Yehova, azoba umugenzi wawe ibihe bidahera.—Zb 73:25, 26, 28.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEMWE BAKIRI BATO, “NIMUHONJE MUBONE KO YEHOVA ARYOSHE,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Wokwitegurira gute kwiyegurira Yehova no kubatizwa?
-
Abagize ishengero bashobora gute kugufasha gukorera Yehova?
-
Igikorwa co kwamamaza kigufasha gute gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova?
-
Ni imice iyihe y’umurimo woshobora gukora?
-
Ni ibiki bituma ukunda Yehova?