Kamere nziza igitangaza za Yehova
Kubera ko Musa yatahura neza kamere za Yehova, vyatumye yihanganira Abisirayeli. Nitwarushiriza gutahura kamere za Yehova, na twebwe tuzogaragariza imbabazi abo dusangiye ukwizera.
-
Ni “umunyembabazi n’umunyempuhwe”: Yehova aritwararikana urukundo rurangwa ikibabarwe abasavyi biwe, akabitaho nk’uko abavyeyi bitwararika abana babo
-
“Ateba gushavura”: Yehova arihanganira amakosa abasavyi biwe bakora akabaha umwanya wo kugira ivyo bahinduye
-
“Agwije ubuntu bwuzuye urukundo”: Yehova afitiye urukundo rudahemuka abasavyi biwe, bigatuma bagiranira ubucuti bwamaho
NIWIBAZE UTI: ‘Nokwigana gute imbabazi za Yehova n’impuhwe ziwe?’