Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 37–38

Ibicaniro vy’itaberenakulo n’uruhara rwavyo mu gusenga kw’ukuri

Ibicaniro vy’itaberenakulo n’uruhara rwavyo mu gusenga kw’ukuri

37:25, 29; 38:1

Ibicaniro vy’itaberenakulo bavyubaka bisunze ubuyobozi Yehova yatanze kandi vyari bifise insobanuro idasanzwe.

  • Amasengesho yemerwa abasavyi ba Yehova batura aramuhimbara nka kumwe kw’imibavu iturirwa yahingurwa mu ruvange rwitondewe

  • Yehova yaremera ibimazi vyatangirwa ku gicaniro c’ibimazi biturirwa. Kuba ico gicaniro cari imbere y’itaberenakulo biratwibutsa ko dukeneye kwizera inkuka y’incungu ya Yezu kugira twemerwe n’Imana.​—Yoh 3:16-18; Heb 10:5-10

Twotegura gute amasengesho yacu kugira abe nk’imibavu imbere y’Imana?​—Zb 141:2