UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana muri Munyonyo
Yezu yaramamaje “inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Lk 4:43) Vyongeye, yarigishije abantu gusenga basaba ubwo Bwami. (Mt 6:9, 10) Muri Munyonyo, tuzogira akigoro kadasanzwe ko kwamamaza Ubwami bw’Imana. (Mt 24:14) Nutunganye ivyawe kugira uzogire uruhara rushitse muri iryo sekeza. Abazoba ari abatsimvyi bafasha boshobora guhitamwo gukora amasaha 30 canke 50 muri ukwo kwezi.
Urihatira gusomera abantu benshi bashoboka mu cibare cawe icanditswe kivuga ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Mu gucagura icanditswe, nufatire ku vyo abakwumviriza basanzwe bemera. Hagize uwushimishwa mugihura, uramuha ikopi y’integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi No. 2 2020. Uraheza usubire kumuraba vuba bishoboka maze ugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha. Vuba Ubwami bw’Imana bugiye kujanjagura intwaro zose ziburwanya. (Dn 2:44; 1Kr 15:24, 25) Ese rero tutogisha namba ako karyo kadasanzwe turonse ko kwerekana ko dushigikiye Yehova n’Ubwami bwiwe!