UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nuhe agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova
Twebwe Ivyabona vya Yehova turi n’agateka kadasanzwe. Kubera turi Abakirisu biyeguye bakabatizwa, turabandanya gutsimbataza ubucuti somambike na Yehova. Yaradukwegereye kuri we abicishije ku Mwana wiwe. (Yoh 6:44) Arumviriza amasengesho yacu.—Zb 34:15.
None twoshobora gute kuzigama ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana? Ikintu kimwe twokora ni ukwirinda ikosa Abisirayeli baguyemwo. Baragiraniye na Yehova ubucuti bushingiye kw’isezerano. Ariko budakeye na kabiri barihinguriye inyana y’inzahabu, baba baguye mu gusenga ibigirwamana. (Kv 32:7, 8; 1Kr 10:7, 11, 14) Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Ndavyifatamwo gute igihe nohejwe gukora ikintu kibi? Ivyo nkora vyoba vyerekana ko mpa agaciro ubucuti mfitaniye na Yehova?’ Urukundo rukomeye dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova ruzodufasha kwirinda ivyo yanka.—Zb 97:10.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUZIGAME UBUCUTI UFITANIYE NA YEHOVA (KL 3:5), MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Umwina ni iki?
-
Dushobora gute kwirinda umwina no gusenga ibigirwamana?
-
Ukurenga ibigo n’ugusenga ibigirwamana bifitaniye isano gute?
-
Kubera iki abafise amabanga mw’ishengero bakwiye kuraba neza nimba bariko bitwararika ivyo abo bubakanye bakeneye?