AGATABU K’IKORANIRO RY'UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU Kigarama 2016
Ingene twotanguza ibiyago
Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Be maso! be n’ukuri kwo muri Bibiliya kwerekana igituma hari imibabaro. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”
Umuhanuzi Yesaya yavuze ko abasavyi ba Yehova bofashe ibirwanisho vy’intambara bakabicuramwo ibikoresho vy’uburimyi. Bisobanura ko bobaye indemeshamahoro. (Yesaya 2:4)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro —Dushikire umutima dukoresheje igitabu “Urukundo rw’Imana”
Igitabu “Urukundo rw’Imana” kirafasha abatohoji ba Bibiliya gutahura ingene boshira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana mu buzima bwabo.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Mesiya yarashikije ubuhanuzi
Yesaya yaravuze ko Mesiya yovuze inkuru nziza mu karere ka Galilaya. Yezu yarashikije ubwo buhanuzi igihe yagendagenda i Galilaya yamamaza inkuru nziza.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Ndi hano! Ntuma”
Twokwigana gute umutima wo kwitanga Yesaya yari afise be n’ukwizera kwiwe? Raba ivyo wokwigira ku muryango umwe wagiye kwamamaza ahakenewe cane abamamaji.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Isi izokwuzura ubumenyi bwerekeye Yehova
Ivyo Yesaya yavuze ku bijanye n’Iparadizo yo kw’isi vyarangutse gute muri kahise? Biranguka gute muri iki gihe? Bizoranguka gute muri kazoza?
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Inyigisho iva ku Mana ituma tutinubana
Abagabo babiri bahora ari abansi barunze ubumwe biciye ku bushobozi bw’inyigisho iva ku Mana.
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ukoresha nabi ubukuru ukabutakaza
Shebuna yari gukoresha gute ubukuru bwiwe? Kubera iki Yehova yamukuyeho akamusubiriza Eliyakimu?