Ingene twotanguza ibiyago
BE MASO!
Ikibazo: Abantu benshi bipfuza kugira amagara meza. Wibaza ko twokora iki kugira twikingire indwara?
Icanditswe: Img 22:3
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana ingene twokorana ubwenge kugira twikingire indwara.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Imibabaro idushikira yoba iva ku Mana canke ku bindi bintu?
Icanditswe: Yb 34:10
Iciyumviro: Imana ntiyigera iduteza imibabaro. Ahubwo imibabaro ituruka kuri Shetani no ku mahitamwo mabi abantu bagira, canke ku masanganya adushikira. Igihe turi mu mibabaro, Imana iradufata mu mugongo. Iratubabaye vy’ukuri.
NI KUBERA IKI UKWIYE KWIGA BIBILIYA? (Akavidewo)
Ikibazo: Woba wibaza ko Imana ari yo itwara isi? [Rindira yishure.] Hari igihe wotangara ubonye ico Bibiliya ibivugako. Aka kavidewo karabisigura. [Kamwereke.]
Ivyo woca uvuga: Ikigabane ca 11 c’iki gitabu kirasigura igituma Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro n’ingene igiye kuyihagurukira. [Mushikirize igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke Bibiliya itwigisha iki?]
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.