Mesiya yarashikije ubuhanuzi
Imyaka amajana imbere y’uko Yezu avuka, Yesaya yaravuze ko Mesiya yovuze inkuru nziza “mu karere ka Yorodani, Galilaya y’amahanga.” Yezu yarashikije ubwo buhanuzi igihe yagendagenda mu karere ka Galilaya yamamaza yongera yigisha inkuru nziza.
-
Ni ho yakoreye igitangaro ca mbere
—Yoh 2:1-11 (Kana) -
Ni ho yacaguriye za ntumwa ziwe
—Mr 3:13, 14 (hafi y’i Kaperinawumu) -
Ni ho yatangiye ya Nsiguro yo ku Musozi
—Mt 5:1–7:27 (hafi y’i Kaperinawumu) -
Ni ho yazuriye wa mwana w’ikinege w’umupfakazi
—Lk 7:11-17 (Nayini) -
Ni ho yabonekeye abigishwa biwe nka 500 aho amariye kuzuka
—1Kr 15:6 (Galilaya)