5-11 Kigarama
YESAYA 1-5
Ururirimbo rwa 107 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”: (Imin. 10)
[Niwerekane ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca Yesaya.]
Yes 2:2, 3
—“Umusozi w’inzu ya Yehova” ugereranya ugusenga gutyoroye (ip-1 38-42 ing. 6-11; 45 ing. 20-21) Yes 2:4
—Abasavyi ba Yehova ntibaciga kurwana (ip-1 46-47 ing. 24-25)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Yes 1:8, 9
—Ni mu buryo ki umukobwa wa Siyoni yari “asigaye ameze nk’urusago mu murima w’imizabibu”? (w06 1/12 8 ing. 5) Yes 1:18
—Amajambo ya Yehova avuga ngo “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu” asobanura iki? (w06 1/12 8 ing. 6; it-2 735 ing. 1) Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yes 5:1-13
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Ikiganiro c’uguhana ijambo gishingiye ku gice kivuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.” Kuri buri buryo, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Nuremeshe abamamaji kwitegurira uburyo bwabo bwo gutanguza ibiyago.
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 7) Murashobora kuganira ku vyigwa dukura mu Gitabu c’umwaka. (yb16 32 ing. 3–34 ing. 1)
“Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro
—Dushikire umutima dukoresheje igitabu ‘Urukundo rw’Imana’”: (Imin. 8) Guhana ijambo. Remesha abafise ibiganiro muri uku kwezi bijanye no kuyobora inyigisho bazoshire mu ngiro ibivugwa mu gitabu Ishure ry’Ubusuku urupapuro rwa 261-262. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 5 ing. 1-9
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 154 n’isengesho
Ivyibukijwe: Banza muvuze umuziki wose, mubone kuririmba.