“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”
“Mu kiringo ca nyuma c’imisi” |
Ikiringo tubayemwo |
“Umusozi w’inzu ya Yehova” |
Ugusenga gutyoroye kandi kuri hejuru kwa Yehova |
“Amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo” |
Abaza mu gusenga gutyoroye barakoranira hamwe mu bumwe |
“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova” |
Abasavyi b’Imana b’ukuri baratumira abandi ngo babiyungeko |
“Izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo” |
Yehova aratwigisha akongera akadufasha kugendera mu nzira ziwe, akoresheje Ijambo ryiwe |
“Ntibazokwongera kwiga kurwana” |
Yesaya yavuze ko abasavyi ba Yehova bofashe ibirwanisho vy’intambara bakabicuramwo ibikoresho vy’uburimyi. Bisobanura ko bobaye indemeshamahoro. Mu gihe ca Yesaya, ivyo bikoresho vyari ibihe? |
“Inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho” |
1 Ivyo birimisho ni ubwoko bw’amasuka yarimishwa n’ibitungwa, akagenda arimburura aho aciye. Amwamwe yari akozwe mu cuma. |
“Amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra” |
2 Iyo mihoro ishobora kuba yari ikozwe mu cuma, ifise n’ikirindi. Bayikoresha mu gututurira imizabibu. |