Isi izokwuzura ubumenyi bwerekeye Yehova
Ingene ubwo buhanuzi bwarangukiye ku Bisirayeli
-
Igihe Abisirayeli bari ku nzira bavuye mu bunyagano i Babiloni canke bamaze gushika mu gihugu cabo, ntibatinya kugirirwa nabi n’ibikoko canke abantu bameze nk’ibikoko.
—Ezr 8:21, 22
Ingene ubwo buhanuzi buranguka mu gihe cacu
-
Ubumenyi bwerekeye Yehova bwaratumye abantu bahinduka. Abantu bahoze ari inkazi bacitse indemeshamahoro. Ubwo bumenyi bwatumye habaho iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ikwiye kw’isi yose
Ingene ubwo buhanuzi buzoranguka muri kazoza
-
Isi yose izoba Iparadizo irangwamwo amahoro n’umutekano, uwo akaba ari wo mugambi Imana yari ifise mu ntango. Nta muntu canke igikoko bizotera ingorane