UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Dufashe “abafise agatima kabereye” gucika abigishwa
IGITUMA BIHAMBAYE: Yehova aratuma imbuto z’ukuri zikurira mu mitima y’“abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ivk 13:48; 1Kr 3:7) Turakorana na we mu ndimiro igihe twihatira gufasha canecane abipfuza gushira mu ngiro ivyo biga. (1Kr 9:26) Abo twigisha Bibiliya barakeneye gutahura ko umukirisu ategerezwa kubatizwa kugira ngo azorokoke. (1Pt 3:21) Tubafasha gucika abigishwa igihe tubigisha kugira ivyo bahinduye mu buzima, kwamamaza no kwigisha, be no kwegurira Yehova ubuzima bwabo.—Mt 28:19, 20.
UKO TWOBIGIRA:
-
Bibutse ko tubigisha kugira ngo tubafashe ‘kumenya’ Yehova no kumuhimbara.—Yoh 17:3
-
Bafashe gutsinda intambamyi zose boba bafise, nk’ingeso mbi canke abagenzi babi, maze batere imbere mu vy’impwemu.
-
Bakomeze wongere ubaremeshe imbere y’ibatisimu be n’inyuma yaho.—Ivk 14:22
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA IMANA AZOGUFASHA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Ni ibiki bishobora gutuma umuntu atinya kwiyegurira Imana no kubatizwa?
-
Abakurambere bofasha gute abatohoji ba Bibiliya gutera imbere?
-
Muri Yesaya 41:10 hatwigisha iki ku vyerekeye Yehova?
-
Ni kamere izihe zizodufasha gukorera Yehova mu buryo yemera naho tudatunganye?