Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

24-30 Kigarama

IVYAKOZWE 17-18

24-30 Kigarama

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Twigane intumwa Paulo mu kwamamaza no mu kwigisha”: (Imin. 10)

    • Ivk 17:2, 3​—Paulo yarafasha abantu kuzirikana akoresheje Ivyanditswe, akabaha n’ibimenyamenya (nwtsty amakuru adufasha kwiga)

    • Ivk 17:17​—Paulo yamamaza aho yasanga abantu hose (nwtsty amakuru adufasha kwiga)

    • Ivk 17:22, 23​—Paulo yari umuntu yihweza kandi arondera ivyo ahurizako n’abamwumviriza (nwtsty amakuru adufasha kwiga)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Ivk 18:18​—Twovuga iki ku bijanye n’indagano Paulo yagize? (w08 15/5 32 ing. 5)

    • Ivk 18:21​—Twokwigana gute intumwa Paulo mu bijanye no gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ivk 17:1-15

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Nimumere nk’aho muhejeje kuraba akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, muce mukaganirako.

  • Usubiyeyo ubwa gatatu: (Imin. 3 canke idashika) Ihitiremwo icanditswe wokoresha mu kwishura ikibazo casigaye kuri usubiyeyo ubwa kabiri, uce ushikiriza kimwe mu bitabu tuyoboramwo inyigisho.

  • Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) jl icigwa ca 7

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 70

  • Niwamamaze wongere wigishe inkuru nziza bimwe binogangije: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana ividewo ivuga ngo Ugusenga kwo mu muryango: Paulo yaramamaje inkuru nziza bimwe binogangije. Nuce ubaza ibi bibazo: Ni ibiki umuryango uvugwa muri iyi videwo wabonye ko ukwiye kuryohora mu gikorwa co kwamamaza? Biganye intumwa Paulo mu mice iyihe? Ni ivyiza ibihe bironkeye? Ni ivyiyumviro ibihe namwe mufise mwoganirako mu gusenga kwo mu muryango?

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 47

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 151 n’isengesho