31 Kigarama–6 Nzero
IVYAKOZWE 19-20
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose”: (Imin. 10)
Ivk 20:28—Abakurambere bararagira ishengero (w11 15/6 20 ing. 5)
Ivk 20:31—Igihe cose bikenewe, abakurambere barafasha abo basangiye ukwemera “ijoro n’umurango” (w13 15/1 31 ing. 15)
Ivk 20:35—Abakurambere bategerezwa kugaragaza umutima wo kwitanga (bt 172 ing. 20)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Ivk 19:9—Intumwa Paulo yatubereye gute akarorero mu bijanye no kugira umwete no mu guhuza n’uko ibintu vyifashe? (bt 161 ing. 11)
Ivk 19:19—Abanyefeso badusigiye akarorero keza akahe? (bt 162-163 ing. 15)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ivk 19:1-20
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Nuce umusigira agakarata ka JW.ORG.
Usubiyeyo ubwa gatatu: (Imin. 3 canke idashika) Ihitiremwo icanditswe wokoresha mu kwishura ikibazo casigaye kuri usubiyeyo ubwa kabiri, uce ucira inzira ikiyago kizokurikira.
Inyigisho: (Imin. 6 canke idashika) jl icigwa ca 15
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nimumenyereze abavukanyi bariko bararondera gushikira amabanga: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo. Muce mwishura ibi bibazo: Abakurambere barangura uruhara ruhambaye uruhe mw’ishengero? (Ivk 20:28) Kubera iki abakurambere bakwiye kuguma bamenyereza abandi? Bokwigana gute Yezu mu kuntu yamenyereje intumwa ziwe? Abavukanyi bakwiye kubona gute ibijanye no kumenyerezwa? (Ivk 20:35; 1Tm 3:1) Abakurambere bakwiye kubamenyereza canecane mu muce uwuhe? Abakurambere bakwiye kugira uburimbane ubuhe ku bijanye n’abo bamenyereza?
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 48
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 118 n’isengesho