23-29 Kigarama
IVYAHISHUWE 17-19
Ururirimbo rwa 149 n’isengesho
Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Intambara y’Imana izorangiza intambara zose”: (Imin. 10)
Ivy 19:11, 14-16—Kristu Yezu azoshitsa urubanza rugororotse rw’Imana (w08 1/4 8 ing. 3-4; it-1 439 ing. 5)
Ivy 19:19, 20—Ca gikoko be na wa muhanuzi w’ikinyoma bazosangangurwa (re 285-286 ing. 24)
Ivy 19:21—Abantu bose batera akagere ubusegaba bw’Imana bazokurwaho (re 286 ing. 25)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)
Ivy 17:8—Sigura ingene ca “gikoko cariho, mugabo kikaba kitakiriho, yamara kikaba kizohaba.” (re 247-248 ing. 5-6)
Ivy 17:16, 17—Twemezwa n’iki ko idini ry’ikinyoma ritazogenda rirazimangana bukebuke? (w12 15/6 18 ing. 17)
Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Ivy 17:1-11 (th icigwa ca 5)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimuyirabe mwongere muyiganireko.
Usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa kabiri. (th icigwa ca 8)
Inyigisho: (Imin. 5 canke idashika) jl icigwa ca 8 (th icigwa ca 13)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Numpe umutima rugabo: (Imin. 15) Guhana ijambo. Erekana ividewo y’ururirimbo ruvuga ngo Numpe umutima rugabo. Nimuce muganira kuri ibi bibazo: Ni ibiki bishika mu buzima bisaba kugira umutima rugabo? Ni inkuru zo muri Bibiliya izihe zituma ugira umutima rugabo? Ni nde ari kumwe natwe? Mu gusozera, nusabe bose bahaguruke maze muririmbe ururirimbo “Numpe umutima rugabo”, mukurikira amajambo yarwo ku mpapuro canke kuri televiziyo.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 96
Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)
Ururirimbo rwa 136 n’isengesho