Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAHISHUWE 17-19

Intambara y’Imana izorangiza intambara zose

Intambara y’Imana izorangiza intambara zose

19:11, 14-16, 19-21

Kubera iki Yehova “ya Mana y’urukundo n’amahoro” yagenye Umwana wiwe, uwitwa “Umuganwa w’amahoro,” kurwana intambara?​2Kr 13:11; Yes 9:6.

  • Yehova na Yezu barakunda ubugororotsi bakanka ububisha

  • Amahoro n’ubutungane vyamaho bizoboneka gusa igihe ababisha bazoba bakuweho

  • Ingabo z’Imana zo mw’ijuru “[zi]rwana intambara mu bugororotsi,” bikaba vyerekanwa n’amafarasi yera be n’impuzu z’ilino nziza, zera kandi zityoroye

Twokora iki kugira ngo tuze turokoke iyo ntambara ihambaye?​—Zf 2:3