Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Guhuza n’uko ibintu vyifashe

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Guhuza n’uko ibintu vyifashe

IGITUMA BIHAMBAYE: Abarobanuwe be n’izindi ntama baratumira abantu b’uburyo bwose ngo “[ba]kire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivy 22:17) Ayo mazi agereranya intunganyo zose Yehova yashizeho kugira akize abantu bagamburuka icaha n’urupfu. Kugira ngo dufashe abantu b’imico itandukanye kandi bemera ibitandukanye, dutegerezwa gushikiriza “inkuru nziza y’ibihe bidahera” mu buryo bukora ku mutima umuntu wese ku giti ciwe.​—Ivy 14:6.

UKO TWOBIGIRA:

  • Hitamwo ikiganiro be n’icanditswe bikora ku mitima y’abantu bo mu cibare cawe. Woshobora guhitamwo bumwe mu buryo duhabwa bwo gutanguza ibiyago canke uburyo umaze gukoresha ukaroranirwa. Ni ibiganiro be n’ivyanditswe ibihe bakira neza? Hoba hari ibintu biherutse kuba bikiri mu bwenge bw’abantu? Ni igiki cokora ku mutima umugabo canke umugore?

  • Igihe utanguza ikiyago, nukoreshe indamutso canke imico imenyerewe aho iwanyu.​2Kr 6:3, 4

  • Numenye neza ibitabu canke amavidewo ari mu vyo dukoresha mu kwigisha wofashisha uwashimishijwe

  • Nuvome ibitabu n’amavidewo vyo mu ndimi z’abo mushobora guhura mu cibare

  • Nuhindure uburyo bwo gutanguza ikiyago bivanye n’ivyo uwo ubwira inkuru nziza akeneye. (1Kr 9:19-23) Nk’akarorero, wovuga iki umenye ko aherutse kubura uwiwe?

NIMURABE IYO VIDEWO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ibiki uwo mwamamaji yatanguye kuganiriza umunyamuhana?

  • Ni ibiki vyariko birashikira uwo munyamuhana?

  • Ni icanditswe ikihe cari kibereye muri urya mwanya, kandi kubera iki?

  • Uhora uhindura gute uburyo utanguza ibiyago kugira ukore ku mutima abantu bo mu cibare cawe?