Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isi “imira rwa ruzi”

Isi “imira rwa ruzi”

Mu bihe bitandukanye vyo muri kahise, intwaro z’abantu zarafashije abasavyi ba Yehova. (Ezr 6:1-12; Est 8:10-13) No mu bihe vya none, turibonera ingene “isi,” iyigereranya inzego zo muri iyi si zitahura ibintu, imira “rwa ruzi” rugereranya uruhamo ruterwa na “ca gisato” ari co Shetani. (Ivy 12:16) Yehova ya “Mana y’ibikorwa vy’ugukiza,” rimwe na rimwe yoshobora gutuma abategetsi baha agahengwe abasavyi biwe.​—Zb 68:20; Img 21:1.

Tuvuge iki hoho nka hamwe woba upfunzwe uhorwa ukwizera kwawe? Nuhere amazinda, Yehova arakubona. (It 39:21-23; Zb 105:17-20) Numenye ko uzoronka impera kubera ukwizera kwawe kandi ko kuba uri intadohoka biremesha abavukanyi bawe hirya no hino kw’isi.​—Fp 1:12-14; Ivy 2:10.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAVUKANYI BO MURI KOREYA BARAREKUWE, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Kubera iki abavukanyi ibihumbi bo muri Koreya y’Epfo bapfunzwe mu myaka n’iyindi?

  • Ni ingingo izihe sentare yafashe zatumye abavukanyi bamwe barekurwa bataraheza ikiringo bakatiwe?

  • Twofasha gute abavukanyi bapfunzwe hirya no hino kw’isi bahorwa ukwizera kwabo?

  • Twokoresha gute umwidegemvyo dufise muri iki gihe?

  • Ni nde ahanini dukesha intsinzi izo ari zo zose dutahukana mu masentare?

Ndiko nkoresha gute umwidegemvyo mfise?