UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba wipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?
Woba ufise imyaka iri hagati ya 23 na 65 kandi ukaba uri mu murimo w’igihe cose? Woba ufise amagara meza, ukaba ushoboye gukorera ahantu hose hari inkenero kuruta? Nimba wishuye ngo ‘ego’ kuri ivyo bibazo, woba umaze kwiyumvira ivyo kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? Kuva ritanguye, abubakanye, abavukanyi be na bashiki bacu b’abirebange ibihumbi baramaze kuryitaba. Naho ari ukwo, turakeneye abavukanyi b’abirebange biyongereye boryitaba. Nusabe Yehova akomeze icipfuzo ufise co kumuhimbara no kwigana Umwana wiwe. (Zb 40:8; Mt 20:28; Heb 10:7) Nuce rero uraba ingene wogabanya ivyo witwararika mu vy’umubiri kugira ukwize ibisabwa.
Ni mu mice iyihe y’umurimo abasohotse iryo shure bafashamwo? Bamwe muri bo bararungikwa gukorera mu turere tuvugwamwo izindi ndimi canke bagafasha mu kwamamaza ku mugaragaro mu buryo budasanzwe mu bisagara bininibinini. Abandi mu nyuma baraba abacungezi b’imizunguruko b’abasubirizi, abacungezi b’imizunguruko canke abamisiyonari bakorera mu ndimiro. Uko wiyumvira ivyo wokora mu murimo wa Yehova, ese wogaragaza agatima nk’ak’umuhanuzi Yesaya, uwavuze ati: “Ndi hano! Ntuma.”—Yes 6:8.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAMISIYONARI BAKORERA MU NDIMIRO NI ABAKOZI MW’IYIMBURA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Abamisiyonari bakorera mu ndimiro bacagurwa gute?
-
Ni igikorwa ciza ikihe abamisiyonari bakorera mu ndimiro barangura?
-
Imwimwe mu mihezagiro abamisiyonari bironkera ni iyihe?