7-13 Kigarama
ABALEWI 10-11
Ururirimbo rwa 32 n’isengesho
Intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Nukunde Yehova kuruta abo mu muryango”. (Imin. 10)
Lw 10:1, 2—Yehova yarishe Nadabu na Abihu kubera bashikanye umuriro utemewe (it-1 1203)
Lw 10:4, 5—Ibiziga vyabo baciye babikura mw’ikambi
Lw 10:6, 7—Yehova yategetse Aroni n’abandi bahungu biwe kutabagandarira (w11 15/7 31 ing. 16)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
Lw 10:8-11—Ni icigwa ikihe dukura muri iyo mirongo? (w14 15/11 17 ing. 18)
Lw 11:8—Abakirisu boba bakwiye kwirinda gufungura ibikoko vyari bibujijwe mu gihe c’Itegeko rya Musa? (it-1 124 ing. 6)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Lw 10:1-15 (th icigwa ca 10)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya mugihura: (Imin. 4) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo, uce ubaza uti: Tony yatsinze gute amajambo dukunze kwumva yo guhagarika ikiyago? Wofasha gute umuntu kuzirikana kuri Zaburi 1:1, 2?
Mugihura: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na mugihura. Muhe ubutumire bw’ikoraniro, muce mumera nk’aho muhejeje kuraba ya videwo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. (th icigwa ca 20)
Insiguro: (Imin. 5 canke idashika) w11 15/2 12—Umutwe: Ishavu Musa yari afitiye Eleyazari na Itamari ryahwamitswe gute? (th icigwa ca 12)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
“Turagaragaza urukundo mu gushigikira indero Yehova atanga”: (Imin. 15) Guhana ijambo. Nimurabe ividewo ivuga ngo Tugumane ukudahemuka n’umutima wacu wose.
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30 canke idashika) lvs ikig. 2 ing. 1-7; soma akajambo ko ku mpera ka 5
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 36 n’isengesho