Nukunde Yehova kuruta abo mu muryango
Kuguma turi intahemuka kuri Yehova birashobora kugeragezwa cane igihe uwo dukunda aciwe mw’ishengero. Ubuyobozi Yehova yahaye Aroni burimwo ubutumwa butomoye kuri uwo wese abwirizwa kureka kwifatanya n’incuti yaciwe: Urwo dukunda Yehova rutegerezwa kuba rukomeye kuruta urwo dukunda incuti zacu zahemutse.
Ababaho bisunga ivyo Yehova adusaba ku bijanye n’abaciwe ni imihezagiro iyihe bironkera?—1Kr 5:11; 2Yh 10, 11