Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turagaragaza urukundo mu gushigikira indero Yehova atanga

Turagaragaza urukundo mu gushigikira indero Yehova atanga

Guca abacumuzi batigaya birakingira ishengero, na bo nyene bikabatoza indero. (1Kr 5:6, 11) Iyo dushigikiye iyo ndero Yehova atanga, tuba tugaragaje urukundo. None tuba twerekanye urukundo gute mu gihe guca umuntu bitera akababaro abo vyerekeye bose, ushizemwo incuti be n’abagize komite ncarubanza?

Imbere ya vyose, tuba twerekanye ko dukunda izina rya Yehova be n’uko twisunga ingingo ngenderwako yiwe idusaba kuba beranda. (1Pt 1:14-16) Vyongeye, tuba twerekanye ko dukunda uwaciwe. Naho bibabaza gutozwa indero bimwe bikomeye, biravamwo “icamwa c’amahoro, ari co bugororotsi.” (Heb 12:5, 6, 11) Iyo twifatanije n’uwaciwe canke uwiyonjoroye, tuba turiko turasuzugura indero ya Yehova. Twibuke ko Yehova atoza indero abasavyi biwe “ku rugero rubereye.” (Yr 30:11) Uko dushigikira indero Yehova atanga kandi tukagumana utumenyero twiza two mu vy’impwemu, tuguma twizigiye ko nya muntu azogaruka ku Muvyeyi wacu w’umunyembabazi.​—Yes 1:16-18; 55:7.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO TUGUMANE UKUDAHEMUKA N’UMUTIMA WACU WOSE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Abavyeyi bagira umubabaro nyabaki igihe umwana wabo ahevye Yehova?

  • Ishengero rishobora gute gushigikira abagize umuryango b’intahemuka?

  • Ni inkuru iyihe yo muri Bibiliya yerekana ko bihambaye kuguma turi intahemuka kuri Yehova kuruta kuguma turi intahemuka ku muryango?

  • Twerekana gute ko kudahemukira Yehova biza imbere yo kudahemukira umuryango?