UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Kworosha ubuzima biradufasha gushemeza Imana
Muri iki gihe, biroroshe ko umuntu yiremereza ibintu vyinshi. Usanga bisaba umwanya n’inguvu kugira umuntu agure ibintu, avyishure, abikoreshe, abibungabunge yongere abikingire. Yezu yahisemwo ubuzima bubayabaye kugira ngo amatungo y’umubiri ntamusamaze mu gikorwa ciwe.
None wokworosha gute ubuzima kugira wongereze umwete mu ndimiro? Nk’akarorero, mugize ivyo muhinduye, hoba hari uwo mu rugo iwanyu yofata ubutsimvyi? Nimba na ho uri mu murimo w’igihe cose, woba wosuzuma ko ata bintu vy’umubiri wagiye uriremereza? Igihe woroheje ubuzima mu murimo wa Yehova, bituma uhimbarwa kandi ukabumbwa n’ivyo ufise.
Andika ingene wipfuza kworosha ubuzima.