Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

16-22 Mukakaro

LUKA 10-11

16-22 Mukakaro

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Umugani w’Umusamariya w’imbabazi”: (Imin. 10)

    • Lk 10:29-32​—Umuherezi n’Umulewi ntibafashije Umuyuda mugenzi wabo yari yaguye mu bambuzi [Erekana akavidewo kajanye na Luka 10:30, nwtsty.] (w02 1/9 16-17 ing. 14-15)

    • Lk 10:33-35​—Umusamariya wewe yaramugaragarije urukundo rudasanzwe (nwtsty amakuru adufasha kwiga Lk 10:33, 34)

    • Lk 10:36, 37​—Turakwiye kugaragariza urukundo abantu bose, atari gusa abo tunganya uburyo, abo dusangiye ubwenegihugu, ubwoko canke ibara ry’urukoba (w98 1/7 31 ing. 2)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Lk 10:18​—Yezu yariko yerekeza ku ki igihe yabwira abigishwa biwe 70 ngo: “Nabonye Shetani amaze gukoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru”? (nwtsty amakuru adufasha kwiga; w08 15/3 31 ing. 11)

    • Lk 11:5-9​—Ikigereranyo c’umugabo yakobeje mu gusaba kitwigisha iki ku bijanye n’isengesho? (nwtsty amakuru adufasha kwiga)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Lk 10:1-16

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Uwo muntu aca avuga ikintu cohagarika ikiyago gikunda kuvugwa aho iwanyu.

  • Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Hera ku gace bijanye k’ingene twotanguza ibiyago. Uwo muntu aciye akubwira ko ariko arafungura.

  • Akavidewo ka usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU