Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 10-11

Umugani w’Umusamariya w’imbabazi

Umugani w’Umusamariya w’imbabazi

10:25-37

Yezu yaciye uwo mugani kugira yishure uwari amubajije ngo: “None mugenzanje ni nde?” (Lk 10:25-29) Yezu yari azi ko ishengero rya gikirisu ryohavuye rigirwa n’abantu “b’uburyo bwose,” ushizemwo Abasamariya n’abanyamahanga. (Yoh 12:32) Uwo mugani wigishije abayoboke biwe ko bakwiye kwihatira kugaragariza abandi urukundo, mbere n’aboba batandukanye cane na bo.

NIWIBAZE UTI:

  • ‘Mbona gute abavukanyi tudasangiye imico kama?’

  • ‘Noba namana canecane n’abantu dufise ivyo duhurizako?’

  • ‘Noba nshobora kwaguka mu mutima nkagerageza kumenyana n’abakirisu tudasangiye imico kama?’ (2Kr 6:13)

Ni nde notumira kugira ngo . . .

  •  tuzojane mu ndimiro

  •  tuzosangire udufungurwa

  •  azoze mu Gusenga kwo mu muryango tuzogira ubutaha