Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 12-13

“Muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi”

“Muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi”

12:6, 7

Ni ibiki Yezu yavuze imbere y’uko avuga amajambo dusanga muri Luka 12:6, 7? Ku murongo wa 4 hatwereka ko Yezu yabwiye abayoboke biwe kudaterwa ubwoba n’abobarwanya canke mbere bakabica. Yariko arabategura ku bw’uruhamo rwobashikiye. Yarabakuye amazinda ko Yehova aha agaciro umwe wese mu basavyi biwe kandi ko atoretse ngo hagire ikibagirira nabi ibihe vyose.

Twokwigana gute Yehova mu bijanye no kwitwararika abariko barahamwa?

Twokura he amakuru agezweho yerekeye Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo?

Ubu abavukanyi bapfunzwe bose hamwe ni bangahe?