NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Gukora umutohoji ku mutima
Kugamburukira Imana biva ku mutima. (Img 3:1) Ku bw’ivyo, igihe twigisha turakwiye kwihatira gukora ku mutima abatwumviriza. Uti gute?
Ntugarukirize gusa ku kwigisha umutohoji ukuri kwo muri Bibiliya. Ahubwo numufashe kubona ukuntu ukwo kuri kwomugirira akamaro mu buzima bwiwe, kukamufasha no gukomeza ubucuti afitaniye na Yehova. Numufashe gutahura ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekana urukundo rw’Imana, ukumera neza kwayo n’ubugororotsi bwayo. Ubigiranye ukwiyubara, numubaze ibibazo bimufasha gusuzuma ukuntu abona ivyo ariko ariga. Numufashe kuzirikana ku vyiza biva ku kugira ivyo aryohoye mu kuntu yigenza. Niwibonera ukuntu uwo wigisha Bibiliya akunda Yehova abikuye ku mutima, uzorushiriza kunezerwa.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE—GUKORA UMUTOHOJI KU MUTIMA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
-
Kubera iki Neeta yabajije Jade ati: “Woba warazirikanye ivyo twayaze ku wa mbere?”
-
Neeta yafashije gute Jade gutahura ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigaragaza ko Yehova amukunda?
-
Neeta yafashije gute Jade kubona ingene yokwereka Imana ko ayikunda?