NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO | NUKORE IVYOTUMA WONGEREZA UMUNEZERO MU BUSUKU
Kugaragaza impuhwe
Impuhwe ni ubushobozi bwo gutahura ingene abandi biyumvira, ingene biyumva, imico yabo n’ivyo bakeneye. Abandi barabibona igihe tubafitiye impuhwe, kandi izo mpuhwe ziva ku cipfuzo kivuye ku mutima dufise co kubafasha. Iyo tugaragaje impuhwe mu busuku, tuba twerekanye ko dukundana be n’uko twitwararikana nka Yehova. Ivyo biratuma abantu bipfuza kumumenya.—Fp 2:4.
Ntitugaragaza impuhwe gusa mu kuntu twigisha. Turazigaragaza kandi mu kuntu dutega yompi, mu kuntu tuvuga, mu nyifato yacu no mu bimenyetso vy’umubiri n’ivyo mu maso. Turagaragaza impuhwe mu kwitaho umuntu tubikuye ku mutima. Turitwararika ibimushimisha, ivyo yemera n’ukuntu ivyiwe vyifashe. Turamuronsa amakuru be n’imfashanyo ngirakamaro, ariko ntitumuhatira kugira ivyo ahinduye. Igihe abo tubwira inkuru nziza bemeye ko tubafasha, biratuma turushiriza kugira umunezero mu busuku.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIRONKERE UMUNEZERO WO GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA: NURYOHORE UBUHANGA BWAWE—KUGARAGAZA IMPUHWE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yashika atevye?
-
Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yamubwira ko arengewe n’umwitwarariko ku buryo atokwiga?
-
Neeta yagaragaje gute impuhwe igihe Jade yamubwira ko atari azi gupanga ibintu neza?