UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Abagore bahumuye bafate nka ba nyoko, abakiri bato nka bashikawe
Ivyanditswe bitubwira ko dukwiye gufata abakirisu bahumuye nk’abavyeyi bacu, abakirisu bakiri bato na bo nk’abo tuvukana. (Soma 1 Timoteyo 5:1, 2.) Abavukanyi ni bo ahanini bakwiye gufatana iteka bashiki bacu kandi bakabubaha.
Nta muvukanyi akwiye kwigera arondera kumenyerana na mushiki wacu mu buryo butabereye canke ngo akore ikintu cotuma uwo mushiki wacu yumva ubuyega. (Yb 31:1) Umuvukanyi atubatse ntakwiye kwigera akinisha inyiyumvo za mushiki wacu atubatse mu gutuma yiyumvira ko bakundana kandi atari vyo.
Abakurambere barakwiye kwitwararikana umutima mwiza mushiki wacu igihe abajije ikibazo abigiranye icubahiro canke igihe ababwiye ikintu cosaba ko bitwararika. Abakurambere barakwiye canecane kwitwararika uwutagira umugabo amukingira.—Rs 2:8, 9.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO MW’ISHENGERO, NUGARAGARIZE URUKUNDO . . . IMPFUVYI N’ABAPFAKAZI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
-
Ishengero ryagaragarije gute urukundo rukomeye mushiki wacu Myint?
-
Kuba ishengero ryaragaragaje urwo rukundo ni gute vyashinze intahe nziza muri ico kigwati?
-
Kuba ishengero ryaragaragaje urwo rukundo vyafashije gute abakobwa ba mushiki wacu Myint?
Ni mu buryo ngirakamaro bumwebumwe ubuhe wokwerekana ko witwararika bashiki bacu bo mw’ishengero urimwo?