Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU | NIWISHINGIRE IMIGAMBI YO MU MWAKA W’UMURIMO UZA

Gufasha mu maporoje y’ubwubatsi

Gufasha mu maporoje y’ubwubatsi

Kwubaka inyubakwa za gitewokarasi ni uburyo bwo gukorera Yehova. (Kv 36:1) Ubona gute wujuje ifomu Gusaba kwitanga mu bwubatsi ku rwego rw’igihugu (DC-50) kugira uze urafasha mu bikorwa vy’ubwubatsi bibera hafi y’iwanyu? Canke ubona woshobora kwuzuza ifomu Ugusaba kuja mu murimo w’abakora bavyishakiye (A-19) kugira ufashe indwi nka zingahe canke amezi mu bikorwa vy’ubwubatsi bibera kure? Si ngombwa ngo ube ufise ubuhanga mu vyo kwubaka kugira witange mu bwubatsi.​—Neh 2:1, 4, 5.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWINJIRE MU MURYANGO UJA KU GIKORWA BICIYE KU KWIZERA​—NUFASHE MU MAPOROJE Y’UBWUBATSI, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

  • Ni igiki catera amaganya Sarah, kandi yafashijwe n’iki?