UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago
Abavukanyi barazirikana cane mu kudutegurira uburyo bwo gutanguza ibiyago, kandi abamamaji benshi basanze ubwo buryo ari ngirakamaro mu vyibare vyabo. Ariko rero, kubera ko ibintu bitifashe kumwe hose, abamamaji barashobora gukoresha mu ndimiro ubundi buryo canke ikindi ciyumviro coshimisha abantu bo mu cibare cabo. Mugabo ku bijanye n’isekeza ridasanzwe, twese dukwiye kwisunga ubuyobozi buba bwatanzwe. Intumbero yacu ni ukurangura igikorwa Yezu yadushinze co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.—Mt 24:14.
Ku bijanye n’ibiganiro vy’abanyeshure, abamamaji bakwiye kwisunga iciyumviro catanzwe mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Ariko rero, kiretse igihe vyerekanywe ukundi, barashobora guhindura ikibazo, icanditswe, ikibazo c’ubukurikira, canke ikiringo bivanye n’ivyoba ngirakamaro mu cibare cabo. Ivyo bihinduye ubuyobozi bwari bwatanzwe mu gatabu k’ikoraniro ko muri Ruheshi 2020, ku rupapuro rwa 8.