Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU | NIWISHINGIRE IMIGAMBI YO MU MWAKA W’UMURIMO UZA

Kwimukira ahari inkenero kuruta

Kwimukira ahari inkenero kuruta

Kuva ahantu wari umenyereye ukimukira ahandi kugira wagure ubusuku bisaba ukwizera. (Heb 11:8-10) Nimba uriko uriyumvira kwimukira ahari inkenero kuruta, nubiganire n’abakurambere banyu. Ni ibiki wokora kugira umenye nimba woshobora gushika kuri uwo mugambi no kugira umenye aho wokwimukira? Nurabe ibiganiro vyasohowe bivuga ibijanye no gukorera ahari inkenero kuruta. Nuganire n’abimukiye mu rindi shengero bakaroranirwa. (Img 15:22) Nusabe Yehova akuyobore biciye mw’isengesho. (Yak 1:5) Nurondere amakuru ajanye n’akarere uriko uriyumvira kwimukiramwo, kandi nimba bishoboka nuje gutemberayo umareyo imisi nk’ingahe imbere y’uko ufata ingingo.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWINJIRE MU MURYANGO UJA KU GIKORWA BICIYE KU KWIZERA​—NIWIMUKIRE AHARI INKENERO KURUTA, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

  • Ni intambamyi izihe Gabriel yabwirijwe gutsinda, kandi ni ibiki vyamufashije?