UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ico twokwigira ku nkingi zibiri
Inkingi zibiri zarubatswe kw’ibaraza ry’urusengero, aho abantu bashobora kuzibona (1Bm 7:15, 16; w13 1/12 13 ing. 3)
Izo nkingi zahawe amazina afise insobanuro (1Bm 7:21; it-1 355)
Yehova yofashije abantu ‘gushimangira’ urusengero igihe cose bogumye bamwihekako (1Bm 7:21, akajambo k’epfo; Zb 127:1)
Yehova ashobora kuba yaradufashije gutsinda intambamyi nyinshi kugira tuze mu kuri. Ariko dutegerezwa kuguma tumwihekako kugira ‘duhagarare dushikamye mu kwizera.’—1Kr 16:13.
NIWIBAZE UTI: ‘Ndiko nerekana gute ko niheka kuri Yehova?’