Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Inyifato ya Ezira yaratumye Yehova aterwa iteka

Inyifato ya Ezira yaratumye Yehova aterwa iteka

Ezira yararetse Ijambo ry’Imana riramukora ku mutima, riragira n’ico rikoze ku nyifato yiwe (Ezr 7:10; w00 1/10 23 ing. 8)

Biciye kuri Ezira, abandi barabonye ubukerebutsi bw’Imana (Ezr 7:25; si 76 ing. 5)

Kubera ko Ezira yicisha bugufi imbere y’Imana, yari azi neza ko Yehova yomuyoboye akongera amukingira (Ezr 8:21-23; it-1 1155 ing. 10)

Ubukerebutsi buva ku Mana Ezira yerekanye bwaratumye umwami amuzeza amabanga akomeye. Cokimwe na Ezira, turashobora gutera iteka Yehova biciye ku nyifato tugaragaza.

NIWIBAZE UTI: ‘Abo tudasangiye ukwemera boba banyubaha kubera mbaho nisunga ingingo ngenderwako ziva ku Mana?’