UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Urashobora gufasha umuryango wawe kugira umunezero
Yehova yipfuza ko imiryango ihimbarwa. (Zb 127:3-5; Ums 9:9; 11:9) Ariko rero, turashobora kubura umunezero kubera ingorane zo muri iyi si be n’amakosa y’abagize umuryango. None umwe wese mu bagize umuryango yokora iki kugira atume haba agahimbare?
Umugabo aratera iteka umugore wiwe. (1Pt 3:7) Aramarana umwanya na we. Ntiyitega ku mugore wiwe ibirenze kandi aragaragaza ko akenguruka ivyo amukorera n’ivyo akorera umuryango. (Kl 3:15) Aragaragaza ko akunda umugore wiwe akongera akamushemeza.—Img 31:28, 31.
Umukenyezi ararondera uturyo two gushigikira umugabo wiwe. (Img 31:12) Aramuyobokera akongera agasenyera ku mugozi umwe na we. (Kl 3:18) Amuyagisha neza akongera akamuvuga neza mu bandi.—Img 31:26.
Abavyeyi baraha umwanya abana babo. (Gus 6:6, 7) Barabwira abana babo ko babakunda. (Mt 3:17) Igihe babatoza indero, babigirana urukundo n’ugutahura kwimbitse.—Ef 6:4.
Abana baratera iteka abavyeyi babo bakongera bakabagamburukira. (Img 23:22) Barareka abavyeyi babo bakamenya ivyo biyumvira n’ukuntu biyumva. Baremera ko abavyeyi babo babatoza indero kandi bakabubaha.—Img 19:20.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NUTUME MU MURYANGO IWANYU HARANGWA UMUNEZERO, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:
Umwe wese mu bagize uwo umuryango yakoze iki kugira atume harangwa umunezero?