Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ingaruka zibabaje ziva ku kugambarara

Ingaruka zibabaje ziva ku kugambarara

Abisirayeli bamwebamwe barunze ubucuti bw’ukwabirana n’abantu basenga ibigirwamana (Ezr 9:1, 2; w06 15/1 20 ing. 1)

Barirengagije amategeko atomoye ya Yehova (Ezr 9:10-12)

Kugambarara kwabo kwaratumye bo n’imiryango yabo bashikirwa n’ingorane nyinshi zibabaje (Ezr 10:10, 11, 44)

Itegeko ryose rya Yehova ririho ku neza yacu. (w09 1/10 10 ing. 6) Ukugamburuka kuraturinda ingorane nyinshi ubu kandi kukazotuma twironkera imihezagiro yamaho yo muri kazoza.

NIWIBAZE UTI: ‘Kuba ngamburukira Yehova binkingira gute ingorane zidakenewe?’