Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza Ubwami bw’Imana muri Nyakanga!

Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza Ubwami bw’Imana muri Nyakanga!

Muri Nyakanga, tuzogira akigoro kadasanzwe ko kwereka abantu yuko Ubwami bw’Imana ari bwo muti wonyene w’ingorane zihanze abantu. (Mt 24:14) Ni gute wobigiramwo uruhara? Nusomere abantu benshi bashoboka icanditswe kijanye n’Ubwami bw’Imana muri uko kwezi. Igihe umuntu agaragaje ko ashimishwa, nuce umuha ikopi y’integuro ya bose y’Umunara w’inderetsi No. 2 2020. Nugendere uwo muntu vuba hashoboka, maze ugerageze gutanguza inyigisho ya Bibiliya ukoresheje agatabu Kwiberaho ibihe bidahera. Abazokora ubutsimvyi bwo gufasha bose mu kwezi kwa Nyakanga boshobora kwihitiramwo gukwiza amasaha 15 canke 30.

Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho vuba intwaro zose ziburwanya. (Dn 2:44; 1Kr 15:24, 25) Ese twokwungukira bimwe bishitse kuri ako karyo kadasanzwe ko kwerekana ko dushigikiye Yehova n’Ubwami bwiwe!