Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ni imigambi iyihe wishingiye yo mu mwaka w’umurimo uza?

Ni imigambi iyihe wishingiye yo mu mwaka w’umurimo uza?

Imigambi y’ivy’impwemu irimwo ikintu ico ari co cose twihatira gushikako kugira ngo turushirize gukorera Yehova mu buryo bushitse maze dutume ahimbarwa. Iradufasha kuba abakirisu bahumuye kandi birabereye ko tuyihebera umwanya wacu n’inguvu zacu. (1Tm 4:15) Kubera iki dukwiye kwama dusuzuma imigambi yacu? Ni kubera ko ibintu bihinduka. Hari aho umugambi twishingiye kera bitoba bigishoboka ko tuwushikako, canke tukaba twarawushitseko canke tukaba dukeneye kwishingira uwundi.

Igihe kibereye co gusuzuma imigambi yacu ni imbere y’uko umwaka mushasha w’umurimo utangura. Ubona gute muyaze ibijanye n’ico ciyumviro mu gusenga kwo mu muryango maze umwe wese canke uko mugize umuryango mukagira imigambi mwishingiye?

Ni imigambi iyihe wishingiye mu mice ikurikira, kandi ni ibiki utegekanya gukora kugira uyishikeko?

Gusoma Bibiliya, kwiyigisha, kwitaba amakoraniro, gutanga inyishu.​—w02 15/6 15 ing. 14-15

Kwamamaza.​—w23.05 27 ing. 4-5

Kamere za gikirisu.​—w22.04 23 ing. 5-6

Uwundi: