Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwigane urukundo rudahemuka rwa Yehova

Niwigane urukundo rudahemuka rwa Yehova

Yehova aratanga akarorero ruheta k’urukundo rudahemuka. (Zb 103:11) Urwo rukundo si inyiyumvo zimara akanya gato maze zikazimangana. Urukundo rudahemuka rusaba kwumira cane ku kintu igihe cose. Yehova yaragaragarije iyo kamere abasavyi biwe b’Abisirayeli mu buryo bwinshi. Yarababohoye abakuye mu buja mu Misiri maze abajana mu Gihugu c’isezerano. (Zb 105:42-44) Yararwanira abasavyi biwe kandi akaguma abababarira igihe bamucumuyeko. (Zb 107:19, 20) Uko ‘tuzirikana twitonze ibikorwa vya Yehova biranga urukundo,’ turavyurirwa umutima wo kumwigana.​—Zb 107:43.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ‘NIWITEHO IBIKORWA VY’UBUNTU BWUZUYE URUKUNDO VYA YEHOVA,’ MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe twogaragaza urukundo rudahemuka?

  • Kubera iki kugaragaza urukundo rudahemuka bisaba kugira ivyo duhevye?