Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kokkinakis v. Greece: Droit réservé

Uhereye hejuru uja ibubamfu: Uburongozi bw’indero bwa Leta ya Virijiniya y’Uburengero buburana na Barnette; Kokkinakis aburana n’Ubugiriki; ACTJ de Taganrog n’abandi baburana n’Uburusiya; Cha n’abandi baburana na Koreya y’Epfo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

‘Kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko’

‘Kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko’

Igihe abarwanya Abisirayeli bababuza gusubira kwubaka urusengero, abariko barubaka barakoze uko bashoboye kwose kugira baronke uburenganzira bwo kubandanya bubaka. (Ezr 5:11-16) Muri ubwo buryo nyene, abakirisu muri iki gihe barakora uko bashoboye kwose ngo baburanire inkuru nziza bongere batume yemerwa n’amategeko. (Fp 1:7) Kugira ivyo babishikeko, mu 1936 barashizeho Urwego rujejwe ivy’amategeko ku cicaro gikuru. Muri iki gihe, Urwego rwo ku cicaro gikuru rujejwe ivy’amategeko ruratunganya ibijanye no kuburanira ivyungura Ubwami kw’isi yose. Ni gute urwo rwego rushigikira ivyungura Ubwami kandi abasavyi b’Imana bavyungukirako gute?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IBIJANYE N’URWEGO RUJEJWE IVY’AMATEGEKO KU CICARO GIKURU, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ivyabona vya Yehova bahanganye n’ingorane izihe mu vy’amategeko?

  • Ni intsinzi izihe twatahukanye? Tanga akarorero

  • Ni uruhara uruhe umwe wese muri twebwe arangura mu ‘kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko’?

  • Ni hehe ku rubuga rwacu dushobora gusanga ibijanye n’imanza zagize ico zikoze ku basavyi b’Imana hamwe n’urutonde rw’Ivyabona vya Yehova bapfunzwe bazira ukwizera kwabo?